1
Yohana 19:30
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Yesu amaze kuyihabga, aravuga, ati Birarangiye. Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca.
Porovnat
Zkoumat Yohana 19:30
2
Yohana 19:28
Hanyuma y’ivyo Yesu amenye yuko noneho vyose birangiye, kugira ngw icanditswe gishike, aravuga, ati Mfise inyota.
Zkoumat Yohana 19:28
3
Yohana 19:26-27
Yesu abonye nyina na wa mwigishwa yakunda ahagazeho, abarira nyina, ati Nyina wanje, nguyo umwana wawe. Maz’ abarira wa mwigishwa, ati Nguyo nyoko. Uhereye ako kanya uwo mwigishwa amujana i we.
Zkoumat Yohana 19:26-27
4
Yohana 19:33-34
Ariko bashitse kuri Yesu, babonye amaze gupfa, ntibāba bakimuvuna amaguru, arik’ umwe mu basoda amucumita icumu mu rubavu; ako kanya hava amaraso n’amazi.
Zkoumat Yohana 19:33-34
5
Yohana 19:36-37
Kukw ivyo vyabayeho kugira ngw icanditswe gishike, ngo Nta n’igufa ryiwe rizovunwa. Kandi har’ ikindi canditswe, kivuga ngo Bazobona uwo bācumise.
Zkoumat Yohana 19:36-37
6
Yohana 19:17
Avayo, yiyikorereye umusaraba, ashika ahantu hitwa Nyagihanga, mu Giheburayo hitwa Gologota
Zkoumat Yohana 19:17
7
Yohana 19:2
Abasoda na bo batsiba igitsibo c’amahwa bakimwambika mu mutwe, baraheza bamwambika impuzu y’inyambarabami.
Zkoumat Yohana 19:2
Domů
Bible
Plány
Videa