YouVersion Logo
Search Icon

Amosi 1:1-2

Amosi 1:1-2 RUN1967

Amajambo ya Amosi wo mu bungere b’i Tekowa, y’ivyo yeretswe ku Bisirayeli ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli, avyeretswe, hashira imyaka ibiri kwa gutigita kw’isi kuraza. Nuko yaravuze, at’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; maz’ amaragiro y’abungere azosigara aganya, no ku gatwe k’i Karumeli hazokwuma.