1
Matayo 27:46
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Isaha y’icenda igira ishike, Yesu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eli, Eli, lema sabakitani?” (bisobanurwa ngo: “Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?”).
Compare
Explore Matayo 27:46
2
Matayo 27:51-52
Uwo mwanya nyene, igitambara co mu rusengero gitandukanya ahera n’ahera cane gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi. Isi iranyiganyiga, ibitandara birasatagurika, imva ziruguruka kandi imibiri myinshi y’abera irazuka.
Explore Matayo 27:51-52
3
Matayo 27:50
Yesu yongera gusemerera n’ijwi rirenga, hanyuma aracikana.
Explore Matayo 27:50
4
Matayo 27:54
Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”
Explore Matayo 27:54
5
Matayo 27:45
Kuva isaha zitandatu z’umurango kugeza isaha y’icenda, haba umwijima, utwikira igihugu cose.
Explore Matayo 27:45
6
Matayo 27:22-23
Hanyuma Pilato arababaza ati: “Yesu bita Kristo wewe ndamugire nte?” Bose bishurira rimwe bati: “Nabambwe!” Ariko Pilato arababaza ati: “Kubera iki? Ni ikihe caha yakoze?” Ahubwo barushiriza gusemerera bati: “Nabambwe!”
Explore Matayo 27:22-23
Home
Bible
Plans
Videos