1
Luka 6:38
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Mutange, namwe muzohabwa. Ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye ni yo muzogererwa. Mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.”
Compare
Explore Luka 6:38
2
Luka 6:45
Umuntu mwiza akura ivyiza mu bubiko bwiza bw’umutima wiwe, umubi na we agakura ibibi mu bubiko bubi bw’umutima wiwe. Kuko ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.
Explore Luka 6:45
3
Luka 6:35
Ariko, mukunde abansi banyu, mubagirire neza. Mubagurane mutiteze ko babasubiza, ni ho impera yanyu izoba nini mw’ijuru. Aho muzoba mwerekanye vy’ukuri ko muri abana b’Iyisumbavyose, kuko igirira neza intashima n’abanyakibi.
Explore Luka 6:35
4
Luka 6:36
Mugire impuhwe nk’uko So wo mw’ijuru ari umunyampuhwe.
Explore Luka 6:36
5
Luka 6:37
Ntimugacire imanza abandi, kugira ngo namwe ntimuzonegurwe. Ntimugatsindishe abandi, kugira ngo namwe ntimuzotsindishwe. Mugire imbabazi, ni ho namwe muzozigirirwa.
Explore Luka 6:37
6
Luka 6:27-28
Ariko ndababwire mwebwe munyumva: Nimukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka. Muhezagire ababavuma, musengere ababagirira nabi.
Explore Luka 6:27-28
7
Luka 6:31
Ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo mubagirira namwe.
Explore Luka 6:31
8
Luka 6:29-30
Nihagira uwugukubita mu musaya umwe, umuhindukirize n’uwundi. Hagize uwugutwara umutamana, umuhebere n’ikanzu na yo. Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, uwukunyaze ivyawe ubimuhebere.
Explore Luka 6:29-30
9
Luka 6:43
Nta giti ciza cama ivyamwa bibi, kandi nta giti kibi cama ivyamwa vyiza.
Explore Luka 6:43
10
Luka 6:44
Igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco. Nta wokwamura inzabibu ku bisaka vy’amahwa, nk’uko ata wokwamura insukoni ku mitobotobo.
Explore Luka 6:44
Home
Bible
Plans
Videos