Hazoba ibimenyetso ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri. Kw’isi na ho, amahanga azogira ubwoba abure uko agira, kubera ukubomborana kw’amazi yo mu biyaga hamwe n’imipfunda. Imitima y’abantu izohagarara bishwe n’ubwoba, babonye ibigira bishike kw’isi, kuko ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa. Inyuma y’ivyo, umuntu wese azobona Umwana w’Umuntu aje ku gicu, afise ububasha n’ubwiza butangaje.