Nuko rero Kristo ni we yatanze ingabire mw’ishengero, bamwe abaha kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa, abandi kuba abavugabutumwa, abandi kuba abungere n’abigisha, kugira ngo bashobore kwigisha abera na bo bakore igikorwa ciwe, bubake ishengero ari ryo mubiri wa Kristo. Ivyo bikwiye kubandanya bikorwa kugeza aho twese tuzoshikira ku kugiriranira ubumwe mu kwizera no mu kumenya neza Umwana w’Imana, no gukura kugeza dushike ku rugezo rwo kunengesera kwa Kristo.