1
Mariko 10:45
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Kuko na none Umwana w’umuntu atāzanywe no gukorerwa, atar’ ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.
Compare
Explore Mariko 10:45
2
Mariko 10:27
Yesu arabitegereza, arababgira, ati Kubg’ abantu ntigishoboka, ariko ku Mana s’uko, kuko vyose bishobokera Imana.
Explore Mariko 10:27
3
Mariko 10:52
Yesu arayibgira, ati Genda, ukwizera kwawe kuragukijije. Aca arahumūka, amukurikira ku nzira.
Explore Mariko 10:52
4
Mariko 10:9
Nukw ico Imana yamatanije umuntu ntaz’ akimature.
Explore Mariko 10:9
5
Mariko 10:21
Yesu amwitegereje aramukunda, aramubgira, at’ Uhajije kimwe: genda, ushōre ivy’ utunze vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.
Explore Mariko 10:21
6
Mariko 10:51
Yesu arayibaza, at’ Ugomba ko ngukorera iki? Ino mpumyi iramwishura, iti Ndagomba guhumūka, Mwigisha.
Explore Mariko 10:51
7
Mariko 10:43
Ariko muri mwebge si ko biri. Yamar’ ūgomba kuba mukuru muri mwebge, az’ abe umukozi wanyu
Explore Mariko 10:43
8
Mariko 10:15
Ndababgire ukuri, ūtazokwākīra ubgami bg’Imana nk’umwana muto, ntazobginjiramwo na gatoya.
Explore Mariko 10:15
9
Mariko 10:31
Ariko benshi b’imbere bazoba ab’ inyuma, kand’ ab’ inyuma bazoba ab’ imbere.
Explore Mariko 10:31
10
Mariko 10:6-8
Arik’ uhereye kw itanguriro ry’ukuremwa, Imana yabaremye bar’ uburyo bubiri. Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata, bompi bakaba umubiri umwe. Bituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umwe.
Explore Mariko 10:6-8
Home
Bible
Plans
Videos