1
Matayo 27:46
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Nko kw isaha y’icenda Yesu asemerera n’ijwi rirenga, ati Eli, Eli, lama sabakatani? risobanurwa ngo Mana yanje, Mana yanje, n’iki kikumpebesheje?
Compare
Explore Matayo 27:46
2
Matayo 27:51-52
Igihuzu gikingiriye ahēra cane h’urusengero gitantamukamwo kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi; isi iratigita; ibitandara birasaduka; imva ziruguruka, imivyimba myinshi y’abera bāri basinziriye irazurwa
Explore Matayo 27:51-52
3
Matayo 27:50
Yesu yongera gusemerera n’ijwi rirenga, umutima uraca.
Explore Matayo 27:50
4
Matayo 27:54
Umugabisha w’abasoda ijana n’abāri kumwe na we barinda Yesu, babonye isi itigita n’ibibaye, baratinya cane, bati N’ivy’ ukuri, uyo yar’ Umwana w’Imana.
Explore Matayo 27:54
5
Matayo 27:45
Uhereye kw isaha ya gatandatu ubgirakabiri bukorana mu gihugu cose gushitsa kw isaha y’icenda.
Explore Matayo 27:45
6
Matayo 27:22-23
Pilato arababaza, ati None Yesu yitwa Kristo, we ndamugire nte? Bose bati N’abambge. Arababaza, ati Ku ki? Yakoze ikibi ki? Ariko barushiriza gusemerera cane, bati N’abambge.
Explore Matayo 27:22-23
Home
Bible
Plans
Videos