1
Matayo 18:20
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Kukw aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo.
Compare
Explore Matayo 18:20
2
Matayo 18:19
Kandi ndababgira ukuri yukw ababiri muri mwebge ni bahuriza inama mw isi gusaba ikintu cose, Data wo mw ijuru azokibakorera
Explore Matayo 18:19
3
Matayo 18:2-3
Ahamagara akana, agahagarika hagati yabo, arababgira, ati Ndababgire ukuri: Ni mutirimbura ngo mucike nk’abana bato, ntimuzoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru.
Explore Matayo 18:2-3
4
Matayo 18:4
Nuk’ ūzokwicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu bgami bgo mw ijuru.
Explore Matayo 18:4
5
Matayo 18:5
Kand’ ūzokwākīra akana kamwe nk’aka mw izina ryanje azoba anyakiriye.
Explore Matayo 18:5
6
Matayo 18:18
Ndababgire ukuri: Ivyo muzohambira mw isi vyose bizoba bihambiriwe mw ijuru; kand’ ivyo muzohamburura mw isi vyose bizoba bihamburuwe mw ijuru.
Explore Matayo 18:18
7
Matayo 18:35
Na Data wo mw ijuru ni kw azobagirira, ni mutāharirana, umuntu wese ngw aharire mugenzi we bivuye mu mutima.
Explore Matayo 18:35
8
Matayo 18:6
Arik’ ūzotsitaza n’umwe mur’ abo bato banyizera, icoroshe n’uko yohambirirwa urusyo ruremereye kw izosi, akadobezwa i bgina mu kiyaga.
Explore Matayo 18:6
9
Matayo 18:12
Mugira ngw iki? Umuntu afise intama ijana, imwe yozimira, ntiyosiga zimwe mirongwicenda n’icenda, akagenda mu misozi kurondera iyazimiye?
Explore Matayo 18:12
Home
Bible
Plans
Videos