1
Matayo 16:24
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Buno Yesu abgira abigishwa biwe, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire.
Compare
Explore Matayo 16:24
2
Matayo 16:18
Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.
Explore Matayo 16:18
3
Matayo 16:19
Nzoguha impfunguzo z’ubgami bgo mw ijuru: kand’ ico uzohambira mw isi kizoba gihambiriwe mw ijuru; n’ico uzohamburura mw isi kizoba gihamburuwe mw ijuru.
Explore Matayo 16:19
4
Matayo 16:25
Kuk’ ūgomba gukiza ubugingo bgiwe azobubura, arik’ ūzoheba ubugingo bgiwe kubganje azoburonka.
Explore Matayo 16:25
5
Matayo 16:26
Kand’ umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose ni yākwa ubugingo bgiwe kw icīru? Cank’ umuntu yotanga iki ngw acungure ubugingo bgiwe?
Explore Matayo 16:26
6
Matayo 16:15-16
Arababaza, at’ Ariko mweho, mugira ngo ndi nde? Simoni Petero aramwishura, at’ Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.
Explore Matayo 16:15-16
7
Matayo 16:17
Yesu aramwishura, at’ Ur’ umuhirwe, Simoni mwene Yona, kukw ata w’inyama n’amaraso yabiguhishuriye, ariko ni Data wo mw ijuru.
Explore Matayo 16:17
Home
Bible
Plans
Videos