1
Matayo 10:16
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.
Compare
Explore Matayo 10:16
2
Matayo 10:39
Ūrokora ubugingo bgiwe azobubura; n’ūheba ubugingo bgiwe kubganje azoburonka.
Explore Matayo 10:39
3
Matayo 10:28
Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu.
Explore Matayo 10:28
4
Matayo 10:38
Kand’ ūtikoreye umusaraba wiwe ngw ankurikire, ntaba ankwiye.
Explore Matayo 10:38
5
Matayo 10:32-33
Umuntu wese azonyaturira imbere y’abantu, nanje nzomwaturira imbere ya Data wo mw ijuru. Arik’ umuntu wese azonyihakanira imbere y’abantu, nanje nzomwihakanira imbere ya Data wo mw ijuru.
Explore Matayo 10:32-33
6
Matayo 10:8
Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni. Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi.
Explore Matayo 10:8
7
Matayo 10:31
Nuko ntimutinye: mwebge muruta utunyoni twinshi.
Explore Matayo 10:31
8
Matayo 10:34
Mwoye kwiyumvira ngo naje gutera amahoro mw isi: sinaje gutera amahoro, atar’ inkota.
Explore Matayo 10:34
Home
Bible
Plans
Videos