1
Yohana 16:33
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.
Compare
Explore Yohana 16:33
2
Yohana 16:13
Arik’ uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarōngōra abashitse ku kuri kwose, kukw atazovuga ivyo yigeneye, arikw ivy’ azokwumva vyose ni vyo azovuga, kand’ azobamenyesha ibigira bize.
Explore Yohana 16:13
3
Yohana 16:24
Kugeza ubu nta co mwasavye mw izina ryanje; musabe muzohabga, ng’umunezero wanyu wuzuzwe.
Explore Yohana 16:24
4
Yohana 16:7-8
Ariko jewe ndababgira ukuri: Ikizogira ico kibamarira, n’uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebge: ariko ni nagenda nzomubarungikira. Uwo ni yaza, azohinyuza ab’ isi, abemeze ivy’ icaha, n’ivy’ ukugororoka, n’ivy’ amateka
Explore Yohana 16:7-8
5
Yohana 16:22-23
Ni ko namwe muri mu mubabaro, ariko nzosubira kubabona, kand’ imitima yanyu izonezerwa, umunezero wanyu nta n’umwe azowubanyaga. Kur’ uwo musi nta na kimwe muzombaza. N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw izina ryanje.
Explore Yohana 16:22-23
6
Yohana 16:20
N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Mweho muzorira muboroge, arikw ab’ isi bo bazonezerwa; mweho muzobabara, arik’ umubabaro wanyu uzocika umunezero.
Explore Yohana 16:20
Home
Bible
Plans
Videos