1
Matayo 7:7
Bibiliya mu Kirundi coroshe
Musabe muzohabwa; murondere muzoronka; mudodore muzokwugururirwa.
Параўнаць
Даследуйце Matayo 7:7
2
Matayo 7:8
Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.
Даследуйце Matayo 7:8
3
Matayo 7:24
Nuko rero, umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro, ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare
Даследуйце Matayo 7:24
4
Matayo 7:12
Nuko rero, ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo namwe mubagirira, kuko ivyo ari vyo ivyagezwe hamwe n’ivy’abavugishwa n’Imana vyigisha.
Даследуйце Matayo 7:12
5
Matayo 7:14
Ariko irembo ryaga n’inzira ntoya ni vyo bijana mu bugingo, kandi ababihitamwo ni bake.
Даследуйце Matayo 7:14
6
Matayo 7:13
Muce mw’irembo ryaga. Kuko irembo ryagutse n’inzira yagutse bijana mu mahonero, kandi abantu benshi ni vyo bacamwo.
Даследуйце Matayo 7:13
7
Matayo 7:11
Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha ivyiza ababimusavye!
Даследуйце Matayo 7:11
8
Matayo 7:1-2
Ntugacire imanza abandi kugira ngo na we Imana ntizogucire urubanza. Kuko uko ucira imanza abandi ni ko n’Imana na yo izorugucira, kandi uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.
Даследуйце Matayo 7:1-2
9
Matayo 7:26
Ariko, umuntu wese yumva aya majambo yanje, hanyuma ntayashire mu ngiro, ameze nk’umwubatsi w’ikijuju, yubatse inzu yiwe ku musenyi
Даследуйце Matayo 7:26
10
Matayo 7:3-4
Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe? Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Reka ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi wewe ugendana inkingi y’igiti mu ryawe?
Даследуйце Matayo 7:3-4
11
Matayo 7:15-16
Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi. Muzobamenyera ku vyo bama, ari vyo bikorwa vyabo. Nta wokwamura inzabibu ku bisaka vy’amahwa, canke insukoni ku mitobotobo.
Даследуйце Matayo 7:15-16
12
Matayo 7:17
Igiti ciza cama ivyamwa vyiza, kandi igiti kibi cama ivyamwa bibi.
Даследуйце Matayo 7:17
13
Matayo 7:18
Nta giti ciza cokwama ivyamwa bibi, kandi nta giti kibi cokwama ivyamwa vyiza.
Даследуйце Matayo 7:18
14
Matayo 7:19
Igiti cose cama ivyamwa bibi kiracibwa kigatererwa mu muriro.
Даследуйце Matayo 7:19
Стужка
Біблія
Пляны чытаньня
Відэа