1
Luka 14:26
Bibiliya mu Kirundi coroshe
“Uwugomba kunkurikira ariko ntiyanke se, canke nyina, canke umugore wiwe, canke abana, canke abo bavukana, ndetse n’ubuzima bwiwe na bwo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
Параўнаць
Даследуйце Luka 14:26
2
Luka 14:27
Kandi uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
Даследуйце Luka 14:27
3
Luka 14:11
Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”
Даследуйце Luka 14:11
4
Luka 14:33
Nuko rero, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivyiwe vyose, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
Даследуйце Luka 14:33
5
Luka 14:28-30
Ni nde muri mwebwe agomvye kwubaka igorofa, atobanza kwicara ngo aharure neza ko afise ivyo kuyuzuza? Kuko niyamara kwubaka umushinge hanyuma ntashobore kuyuzuza, abazoyibona bose bazomutwenga, bivugire bati: ‘Uwu muntu yatanguye kwubaka inzu ntiyashobora kuyuzuza.’
Даследуйце Luka 14:28-30
6
Luka 14:13-14
Ahubwo niwategura umusi mukuru, uze utumire abakene, ibimuga, abacumbagira n’impumyi. Aho ni ho uzohezagirwa. Naho badashobora kubikwishura, Imana izobiguhembera mw’izuka ry’abagororotsi.”
Даследуйце Luka 14:13-14
7
Luka 14:34-35
Umunyu ni ngirakamaro. Ariko iyo umaze gutakaza uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Nta co uba ukimarira ivu canke umwavu wo muri nyabarega; haba hasigaye kuwuta hanze. Uwufise amatwi yo kwumva niyumve!”
Даследуйце Luka 14:34-35
Стужка
Біблія
Планы чытання
Відэа