1
Yohana 8:12
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.
አወዳድር
{{ጥቅስ}} ያስሱ
2
Yohana 8:32
kandi muzomenya ukuri, kand’ ukuri kuzobaha kwidegemvya.
3
Yohana 8:31
Nuko Yesu abgira Abayuda bāri bamwemeye, ati Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’ abigishwa banje vy’ukuri
4
Yohana 8:36
Umwana ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri.
5
Yohana 8:7
Maze bakobeje kumubaza, arunamuka, arababgira, at’ Ūtagira icaha muri mwebge n’abe ari we abanza kumutera ibuye.
6
Yohana 8:34
Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūkora icaha wese n’umuja w’icaha.
7
Yohana 8:10-11
Yesu yunamutse aramubaza, ati Yewe mugore, bamwe bakureze bari hehe? Nta n’umwe aguciriye urubanza? Na we ati Nta n’umwe, Mugenzi. Yesu aramubgira, ati Nanje singucira urubanza. Ni wīgīre, guhēra ubu ntuz’ usubire gukora icaha.]
ቤት
መጽሐፍ ቅዱስ
እቅዶች
ቪዲዮዎች