1
Yohana 3:16
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ ūmwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira.
አወዳድር
{{ጥቅስ}} ያስሱ
2
Yohana 3:17
Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we.
3
Yohana 3:3
Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana.
4
Yohana 3:18
Ūmwizeye ntazotsindwa n’urubanza, arik’ ūtamwizeye aramaze gutsindwa, kukw atizeye izina ry’Umwana w’Imana w’ikinege.
5
Yohana 3:19
Uku ni kwo gutsindwa, kuk’ umuco waje mw isi, arikw abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kukw ibikorwa vyabo ari bibi.
6
Yohana 3:30
Urya akwiye gukuzwa, nanje ngirwe muto.
7
Yohana 3:20
Kuk’ ūkora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe ntibihanwe.
8
Yohana 3:36
Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, arik’ ūtumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik’ uburake bg’Imana buguma kuri we.
9
Yohana 3:14
Kand’ uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni k’Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa
10
Yohana 3:35
Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe.
ቤት
መጽሐፍ ቅዱስ
እቅዶች
ቪዲዮዎች